Nkuko bitangazwa na BBC ngo Igipolisi mu Burundi cyerekanye abantu babiri bakekwa kuba batanguye gukorana n’imigwi y’iterabwoba.
Umwe yiyita umuvugabutumwa aturuka mu Rwanda, uwundi n'umosore w'umurundi.
Umuvugizi w’igipolisi cy’Uburundi, Hermenegilde Harimenshi, yavuze mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ko hari ibimenyetso vy’abantu boba bakorana n’abitwaje iterabwoba.
Hari n'abahungabanya umutekano binyegeje inyuma yo kuvuga ubutumwa hamwe rero n’imigwi y’ibisuma yiba ikoresheje ibihiri, imbugita canke imipanga.Ariko abo ngo baramaze guhagurukirwa.
Ku bijanye, n’abitwaje iterabwoba, Hermenegilde Harimenshi avuga ko atari bishasha, ngo kuko Uburundi co kimwe n’ibindi bihugu vyarungitse ingabo muri Somalia, bwaragabishijwe ko nabwo bushobora guterwa na al Shabab.
Igishasha ngo n’uku hatanguye kubonekamwo abarundi.
Mu berekanywe bamaze gufatwa umwe yiyita umuvugabutumwa Gakwaya Damascene yagirizwa gukwiragiza inyigisho zihungabanya umutekano.
Bitegekanijwe ko asubizwa mu gihugu ciwe c’Urwanda ku wa gatatu.
Uwundi n’umusore akiri muto yafatiwe ku rubibe rwa Tanzania n’Uburundi, afise intunduguru y’amafoto y’imigwi itandukanye yitwaza iterabwoba kw’isi.
Igipolisi cavuze ko kikiriko kiramubaza.Kuva aho Uburundi bugabishirijwe ko nabwo bushobora guterwa n’umuhari y’iterabwoba nka Al Shabab , ingingo nyinshi zarafashwe harimwo mbere kuzibira amabarabara amwe amwe hamwe no gucungera uruja n’uruza rw’abantu n’ikibagenza.
Uburundi bufise muri Somalia abasirikare bafi ibihumbi 6 bari mu rwego rwa Africa AMISOM rwo gufasha reta ya Somalia kurwanya umuhari wa ki Islam Al Shabab.
unviriza ubwo buhanuzi bwa Gakwaya Damascene hano: