Umukuru wa Burkina Faso Blaise Compaore yatangaje ko atanze imihoho inyuma y'iminsi ibiri y'imyiyerekano y'abantu bashaka ko ava kubutegetsi.
Nkuko tubikesha BBC, Blaise Comapaore warumaze imyaka 27 ku butegetsi yasohoye itangazo avuga ko intebe y'umukuru w'igihugu ubu igaragara kandi ko amatora azoba mu mezi atatu.
Umukuru w'ingabo General Honore Traore yamenyesheje ko aciye afata ubutegetsi.
Hakurikijwe ibwirizwa nshingiro, general Traore azotwara ikiringo c'imfatakibanza c'amezi atatu.
Ategerzwa guca atunganya amatora mu kiringo c'iminsi 90.

Uyu niwe General Honore Traore wahise ufata ubutegetsi, akaba ariwe wari Umukuru w'ingabo.
Abantu amajana n'amajana bari basubiye kuzinduka bashwara ku munsi ugira kabiri umurwa mukuru wa Burkina Faso Ouagadougou, basaba prezida Blaise Compaore gutanga imihoho.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bakoresheje imbuga hwaniro za internet kugira basabe abanyagihugu gusubira kugira imyiyerekano cyane cyane ko nubwo bashaka ko Blaise Compaoré ava kubutegetsi burundu ariko ntibashaka ko asimburwa n'undi musilikare! Abaturage bavuga ko barambiwe ubutegetsi bw'abasilikare muri icyo gihugu. Ubu ibintu bikaba bikomeje kuba urujijo muri Burukina Faso.
ku wa kane abari mu myigaragamvyo muri Burkina Faso, bahutse inama nshingamateka imbere yuko hatorwa ingingo idashimwa na bose.
Abashingamateka bagomba gutora ku mugambi wa leta wo gusubiramwo ibwirazwa nshingiro kugira umukuru w'igihugu Blaise Compaore ashobore gusubira kwitoza mu mwaka uza.
Bwana Compaore yagomba kuva ku butegetsi nyuma y'amatora yo mu mwaka uza.
Yafashe ubutegetsi mu 1987 amaze gutembagaza ubutegetsi, akaba yaratsinze amatora menshi vyavugwa ko yabayemwo utunenge.
Source: BBC